Radio CDN Ijwi rya Cibitoke

GUSHIKIRIZA UMUGAMBI RADIYO CDN IJWI RYA CIBITOKE
 

Intangamarara
Cibitoke Diaspora Network « CDN
» mu mpfunyapfunyo ni ishirahamwe ridaharanira inyungu. Ryatangujwe n’umugwi w’imvukira z’amakomine yose y’intara ya Cibitoke ziba mu mpande zine z’isi bamwe muri bo bakaba bamazeyo igicz c’ikinjana.
Mu kurangura imigambi yayo, CDN ikurikiza intumbero irashe: Kuba igikoresho ry’iterambere rusangi ry’intara ya Cibitoke.
CDN ifise umukenyuro wo gutanguza imigambi hamwe no gusaba abenegihugu muri rusangi n’urwaruka vy’umwihariko kuyishigikira.
Intumbero ya CDN ni ugushigikira umugambi w’igihugu w’iterambere 2018-2027 mu gusahiriza umugambi w’umukuru w’igihugu uhamagarira abenegihugu « guteza imbere intara zo mu gihugu hagati ». Kubera ivyo, mu bikorwa vyayo vyose, CDN yitwararika gukorana neza n’abajejwe intwara y’amakomine n’intara.
 
Muri iyo ntumbero, Insamirizi CDN Ijwi rya Cibitoke, ni umugambi wa mbere n’aho atawovuga ko ari wo wonyene. Ni insamirizi rusangi yavyawe n’ishaka ry’abayitanguje mu ntumbero yo gutez imibano n’ubutunzi ndetse n’akaranga k’igihugu n’intara twatayemwo uruzogi.
CDN yatanguye kw’igenekerezo rya 31 kigarama 2019. Yemewe n’ingingo n° 100/CNC/010/2019 y’urwego rujejwe kugenzura ibimenyeshamakuru yo kuwa 27 ruheshi 2019.Yahawe uburenganzira bwo gushikiriza ibiganiro n’ingingo n° ARCT/2349/IT/DM/n.o/2019 y’urwego rugenga kandi rukagenzura itangazamakuru (ARCT). Icicaro caryo kiri ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke.
Ico gikorwa cose cavuye mu ntererano y’abanywanyi. Kuva kikigitangura gushika uno munsi, kimaze gutwara uburyo (bw’ibikoresho, gupanga inzu, kuriha abantu bakora muri uyo mugambi) bwababa ibihumbi mirongo itatu na bine vy’ama dolari y’abanya Amerika. Yababa amafaranga y’amarundi imiliyoni mirongo umunani na zitanu.

Radiyo CDN imaze umwaka isamirana iminsi yose, amasaha 24 kuri 24, iminsi indwi ku ndwi. Ibiganiro vyayo ni nk’ibi bikurikira:

    § Amakuru mu kirundi, igifaransa n’igiswahili.
    § Iterambere rusangi
    § Amagara y’abantu
    § Gutegekanya imigambi
    § Urwaruka n’inkino
    § Indero
    § Ubushakashatsi
    § Inyigisho z’imyuga
    § Ibidukikije



Buri kiganiro ca Radiyo CDN Ijwi rya Cibitoke ni igikoresho co kwigisha abanyagihugu muri rusangi n’inyigisho z’urwaruka vy’umwihariko.
Urwo rwaruka rutumirirwa kubungabunga amagara meza,kwitaho uburezi bwiza, inyigisho z’imyuga zibereye, gukora imirimo itanga inyungu, gukorera hamwe mu gushira imbere igena migambi n’ibikoresho bigezweho bitanga umusaruro.

Ivyo biganiro vyose bikorwa n’abakozi indwi ba Radiyo CDN bakora umwanya wose n’abakorera bushake indwi bakorera mu bisata bitandukanye vy’uwo mugambi.

« Ubugabo bugaragara mu ngorane ». Bisigura ko,Radiyo CDN yaragize kandi iracagira ingorane tugerageza kuguma dutorera umuti.Kuko Radiyo CDN itegerezwa gutera imbere kugira ikomeze gukundisha igihugu, umusemburo w’iterambere n’ubushakashatsi mu ntara yacu.


Mu bikorwa vyihutirwa iradiyo ifise, hariho ukubura kw’abakozi babishoboye mubisata bikomeye nk’ubutunzi, ubudandaji no kwandika amakuru. Uko abakozi ba Radiyo bagwira, niko ibibanza vyo gukoreramwo biba bito. Harakenerwa ibibanza vyagutse no kugwiza ibikoresho vya nkenerwa kw’iradiyo kugira abakoranabushake n’abimenyereza bakore neza. Kukaba nkako, iradiyo CDN irangurira ibikorwa vyayo mu nzu ipanze.

Umugambi w’iradiyo CDN Ijwi rya Cibitoke ni umugambi ukiri mu ntango. Ariko, ku bijanye n’imbono ya CDN, uyu mugambi ni nk’intango y’iyindi migambi myinshi yo muri kazoza. Dutegekanya gukorana ishaka imigambi y’iterambere mu ntara yacu.

Nimba iterambere ry’umuntu risigura “inzira yugurura imiryango y’iterambere rya buri muntu”, rero iradiyo CDN IJwi rya Cibitoke twoyigereranya nk’akaryo gahawe intara ya Cibitoke n’igihugu cose kugira bitere imbere.


Nico gituma twipfuza ko Radiyo CDN, mu minsi iza, twoyibona:


♦  Ifise ikibanza co kwubakamwo inzu ishimishije yo gukoreramwo kandi ikwije ibereye gukorerwamwo ibikorwa vy’iradiyo.
♦  Ifise abakozi bashoboye kandi bakerebutse kugira barangure neza imigambi ya radiyo CDN Ijwi rya Cibitoke.
♦  Ifise ibikoresho bigezweho kandi bikwiye nk’akarorero ibinyabwonko, ivyuma vyo gufata amajwi, uburyo bwo kwunguruza abamenyeshamakuru n’ibindi ...
♦  Ifise uburyo bwo gutumatumanako amakuru nk’imbuga ngurukanabumenyi nka site web, twitter, facebook, kugira intara yacu ikomeze ubucuti n’izindi ntara z’igihugu ndetse n’isi yose.
♦  Kuronka imfashanyo idusahiriza kugira dushike kuco twipfuza gukora.
♦  Kuba Radiyo-televiziyo.
♦  Kuba igikoresho gifasha urwaruka kuronka no kwongereza ubumenyi, guteza imbere ubushobozi kugira babe abanyamwuga babushitse mu kumenyesha amakuru. Gutyo, iradiyo yoheza ikaba igikoresho co kurwanya ubushomeri.
♦  Kugira abantu batororokanya amakuru mu makomine yose kgira ibe vy’ukuri iradiyo y’abenegihugu bose b’intara ya Cibitoke.

 Kuba igikoresha co guhimiriza no kwigisha mu bisata vyose: indero = umuryangoabavyeyi, abana, abanyeshure, ababanyi), uburimyi,ubudandaji, ugutwara abantu n’ibintu haba abikorera utwabo canke amashirahamwe ya leta, …), abemera Imana n’abatayemera.

Kubera iyugururwa icese ry’iradiyo CDN Ijwi rya Cibitoke, twizeye ko uyu mugambi uzoza ushimangira umuhamagaro wa Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu wongere ube kirumara mu benegihugu.
Twizeye nk’uko twama ku bufasha tuzohabwa n’abajejwe intwaro.



Dr Denise NSANZAMAGE