Dufashe
Kaze
Ishirahamwe
Imigambi
Urutonde rw’imigambi
Ikigo c’intara kirangurirwamwo imigambi ya CDN
Radio CDN Ijwi rya Cibitoke
Umugambi w’uburimyi i Nyarure
Umugambi wo gutanga intebe mu mashure
Imfashanyo ku banyagihugu
Gufasha abaririmvyi
Inkuru
Amasanamu
Photos
Videos
Duhamagare
Dufashe
INKURU :
I NYARURE BARI MU MBONO NSHASHA
7 gitugutu 2024
« Umufurege ushike kuri buri hegitari, hanyuma nyeneyo awushikane mu murima wiwe hose. » Ngiyo intumbero nyamukuru y’umugambi wo kwimbisha imifurege mvomerandimo mu kigobe ca Nyarure muri komine ya Mabayi. Alphonse NIYONKURU arongoye komite ikurikirana ivyo bikorwa amenyesha ko ubu umufurege nyamukuru wamaze gushika ku matongo yose. Hasigaye ko beneyo nabo bakurikiza impanuro z’abahinga b’indimo maze bakawukwiragiza aho barimira.
Reta, ibicishije muri uwo mugambi, yipfuza ko uburimyi bw’umuceri bwiganza muri ico kigobe. N’ikimenyamenya, igeragezwa ry’imbuto nshasha [
hybride
] ryaraheze kandi ryatanze umwimbu ushimishije. Abarimira muri ico kigobe ni bo batanga uburyo bwo kwimbisha iyo mifurege. Uwufise ihegitari wese aterera amafaranga ibihumbi 100.
Uwo ahagarariye uwo mugambi atera akamo abo utumbeye bose kwumviriza no gukorera ku mpanuro z’abahinga b’indimo. Ngo zobarinda kujuragirika narirya abenshi muri bo batari bamenyeye kurima umuceri. Anabatumirira kwama bitaba amanama ajanye n’uwo mugambi. Ku bwiwe, « utitavye inama, ivyavugiwemwo ntubimenya. » NIYONKURU kandi asaba reta kwongeza utwigoro muri uwo mugambi ikagabanya igiciro c’iyo mbuto nshasha. Yemeza ko « ibihumbi 38 ku kiro » ari menshi.
Mwomenya ko ishirahamwe « CIBITOKE DIASPORA NETWORK » ; « CDN » ririmira mu kigobe ca Nyarure kuva mu mpera z’umwaka w’2020. Rikorera ku buringanire bungana na ha 5.
Plus de Nouvelles
Que Disent les Responsables Sanitaires ?
CDN MU NCAMAKE
© Copyright - Ishirahamwe CDN - Cibitoke Diaspora Network - 2022
All rights reserved
Developed by
Communicationreligieuse.com