INKURU :
Ibikorwa vy’intara bigeze he?

  29 ruhuhuma 2024


Ikomine ya Mugina ni yo iza imbere ku rugero rw’amafaranga imaze gukoresha (11,1%). Mu kibanza ca kabiri hari Rugombo yashikanye 10,1%. Murwi ni iya gatatu n’ibice 7%. Bukinanyana iza ubwa kane ku bice 6,9%. Mu bibanza bibiri vya nyuma haboneka Buganda ifise 3,3% na Mabayi iri kuri 3,1%. Urwo rutonde rufatira ku vyakozwe mu gice ca mbere c’umwaka w’amafaranga w’2023-2024 mu ntara ya Cibitoke.



 
Carȇme Bizoza, Burumatari w’intara ya Cibitoke


Burumatari abishikiriza amenyesha ko amakomine yaranguye imigambi itari mike. Bizoza Carême yerekana ko imwe muri iyo ari ukuronsa abenegihugu amatara n’amazi, ugusanura amabarabara y’imigenderanire, ukwubaka amashure, amavuriro n’ibindi. Anagaruka ku bibanza Cibitoke yaronse mu gisata c’indero. Aha yishimira ko iyo ntara yabaye iya mbere mu kibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza c’umwaka w’ishure w’2022-2023. Nayo mu kibazo co kurangiza ishure nshingiro, iyo ntara iza ubw’11.

Bizoza yabivugiye mu birori vyo kwipfurizanya umwaka mushasha mwiza hagati y’abavukantara. Nk’uko vyama, ni n’akaryo ko kurabira hamwe ibiba bimaze kurangurwa mu gice ca mbere c’umwaka w’amafaranga bijanye. Urubanza rw’uno mwaka rwabaye ku wa 25 Ruhuhuma 2024.


Plus de Nouvelles