Ni ngombwa ?
Canke kirakenewe ?
Ishirahamwe ryose ritegerezwa kuronka icicaro nukuvuga aho rikorera nkuko amategeko abitegekanya. Ico nico cerekana ko ishirahamwe ririho kandi riri kukivi. Aha twagira tugireko tubamenyesha ko ishirahamwe ridashobora kugira icicaro kirenze kimwe. Kuri ico cicaro ishirahamwe rirashobora kuba ariho rirangurira ibikorwa vyaryo nyamukuru canke gusa araho ribarizwa. Icicaro gifise akamaro kanini cane.
Icicaro c'ishirahamwe gituma hamenyekana amamuko y’ishirahamwe, hakamenyekana kandi amategeko agenga iryo shirahamwe bivanye nakarere riherereyemwo. Ico ni ikintu gikomeye kuko gica gituma hatomoka amategeko araba ivy'amakori, amategeko araba ivy'imikoranire, amategeko y'akazi hamwe n'ibindi.
Ahari icicaro harafasha kumenya inzego ishirahamwe ryitura muvyerekeye amategeko.
Hadutse amatati sentare ziri muri ako karere ishirahamwe rifisemwo icicaro nizo ziyambazwa.
Icicaro c'ishirahamwe naho ribarizwa bikurikije amategeko kugira abo ryitura canke abaryitura haba mu ntwaro mu bashinzwe kubahiriza amategeko canke bashinzwe ivy'amakori bikunde vyorohe kumenya aho barisanga. Ku cicaro nahantu hashingurwa inyandiko z'ishirahamwe ninaho kandi abategetsi babifitiye ububasha kandi babijejwe barironderera.
Igikorwa n’akamaro vy’icicaro gikuru c’ishirahamwe
-imbere y'amategeko niho ishirahamwe ribarizwa : icicaro c'ishirahamwe kijaho kugira ishirahamwe rishobore kumenyekana nkuko amategeko abisaba niho kandi hashingurwa inyandiko muvy'amategeko zirungikirwa ishirahamwe.
-nico kigo gitunganirizamwo ivyerekeye ishirahamwe muvy'intwaro niho kandi hatunganirizwa ivy'abakozi, ivyerekeye ingene ubutunzi bw'ishirahamwe bukoreshwa hamwe nivyetekeye imigenderanire ishirahamwe rifitaniye n'abandi bafashanya ibikorwa.
-nikandi ikibanza gifarirwamwo ingingo zikomeye : icicaro nico kibanza gifatirwamwo ingingo zihambaye z’ishirahamwe. Nikibanza abarongoye ishirahamwe bagiriramwo inama kugira bahanahane ivyiyumviro Ku ntumbero zogukurikiza, kuburyo bwotangwa hamwe nivyo biyemeza gushikako.
-icicaro nico gitanga isura y'ishirahamwe : icicaro nico cirore barabiramwo ishirahamwe. Icicaro kirafise uruhara mukungene abantu babona ishirahamwe. Icicaro c'ishirahamwe gifashwe neza kiratuma icizere abantu bafitiye ishirahamwe ciyongera.
Icicaro ry'ishirahamwe ni ngombwa kugira ishirahamwe rishike kure muvyo rikora. Ico cicaro niwo mushinge muvy'amategeko ni muvy'intwaro ninaho kandi hakorerwa ibikorwa bikomeye kuko niho hafatirwa ingingo zikomeye kandi niho hafatirwa ingingo zogutuma isura y'ishirahamwe isa neza.
Ku cicaro c'ishirahamwe niho hakorerwa ivyo amategeko nko gushingura inyandiko zijanye n'amategeko kwakira amakete arungikiwe ishirahamwe n’ibindi.
Abanywanyi b'ishirahamwe CDN kugira bisunge amategeko bagiye kwubaka inyubako izoba icicaro caryo.
Plus de Nouvelles