INKURU :
Ingendo iganisha muri bishasha niryo shimikiro rya kazoza keza kandi kugihe kirerekire

  24 ruhuhuma 2025


Ishirahamwe CDN rifashe iyambere mu ngendo iganisha muri bishasha mu ntara ya Cibitoke.
Iyo ngendo iganisha muri bishasha ikaba ifatiye Ku
Kurondera, gushira inguvu hamwe no gushigikira inyishu nshasha Ku bibazo vy’imibano, vy’ubutunzi n'ibidukikije.
Iyo ngendo izokwisunga agatima ko gufashanya hamwe ningene abenegihugu berekana ubushobozi bwo kwishingira imigambi.
Mu gushira kukivi abenegihugu bo mu Cibitoke, iyo ngendo iganisha muri bishasha yaratumye higwa uburyo bushasha mw'iterambere bugirira akamaro bimwe biboneka abenegihugu bukanahungira ubumwe.
Guhanahana amakuru ni ngombwa muri iyo ngendo iganisha muri bishasha ivyo navyo ishirahamwe CDN ryabibonye bugica biri muvyatumye rishinga iradiyo y'abenegihugu mu ntara ya Cibitoke ikaba ifise ihangiro ryo gutera intege abenegihugu muri iyo ngendo iganisha muri bishasha mu mpande zayo zitandukanye.
Mukurangiza ishirahamwe CDN iregeranya uburyo bwo gushira mungiro imigambi ifatiye kuri iyo ngendo iganisha muri bishasha.
Ishirahamwe CDN ni ihuriro ry'abanyagihugu bo mu Cibitoke bishingira imigambi kandi bafise imbono bizobashikana mw'iterambere nyaryo ritajegajega.


 


Plus de Nouvelles