Uruhara rwo guhanahana amakuru mu ntumbero yo guteza imbere kiremwa muntu ni ntangere bifatiye mw'ihindagurika ry'imibereho mu bihe vya none. Uko ibintu bihinduka mu gihugu bigana aho intara zitunganiriza ivyazo hakaza n'intumbero yo guhiganwa mu vy'ubutunzi ivyo bigatuma abenegihugu bifatira mu minwe iterambere ryabo.
Kugira bishoboke ishirahamwe CDN riratuma abenegihugu bagira ijambo mubiraba iterambere rikongera kandi rikabereka ko batotinya kugira ico bakoze ngo ntacovamwo. Kugira bikunde guhanahana amakuru, ni nkenerwa cane. Bikaba ari navyo vyatumye ishirahamwe CDN rishinga iradiyo isamiranira mu ntara ya Cibitoke naho ubwo buryo bw'iradiyo butaramenyerwa cane.
Ni ngombwa gutegura no gushira mu ngiro imigambi yo guhanahana amakuru mu gushikira iterambere vyoroshe.
Ishirahamwe CDN mu kwikora kuvyoguhanahana amakuru mu bikorwa vy'iterambere rifise intumbero yo guhindura imibereho n’ivyerekeye ibidukikije. Nk'akarorero mu guhindura inyifato canke mu kumenya neza akarere.
Guhanahana amakuru mu bikorwa vy'iterambere bikaba vyatangujwe n'ishirahamwe CDN mu ntara ya Cibitoke bikaba bifatiye Ku kiyago kigirwa n'abenegihugu hagati yabo ariko bikaba binasaba uburyo n'ibikoresho bitari bike.
Ihangiro kukaba ari guhindura vyinshi mu bisata bitandukanye haba mu kwumviriza abafise ico bashikiriza, mu gushiraho icizere hagati y’abenegihugu, gusabikanya ubumenyi n’ubuhinga, kwungurana ivyiyumviro hamwe no kurahura ubwenge bivuye kw’ihinduka rikomeye kandi rirama.
Mu vyukuri guhanahana amakuru mu bikorwa vy'iterambere bisaba ko haba ibimenyeshamakuru aha twovuga nk'iradiyo yashinzwe mu Cibitoke kugira ifashe mw'iterambere rusangi ry'abenegihugu mu gukarihiriza ubwenge abarimyi, mu gufasha guhuza abafundi b'indimo n'abarimyi hamwe no gushikira amasoko y'amakuru bakenera.
Abenegihugu bo mu mihingo itandukanye yo mu ntara ya Cibitoke bahuzwa n’iyo radiyo.
Biciye kuri iyo radiyo, abenegihugu barumviriza ibijanye n’uburyo bwa kijambere bwo kurima, barahanahana amakuru bakongera bakungurana ubwenge.
Vyongeye ubuhinga bwo guhanahana amakuru ni ngirakamaro. Buragira ico buhindura Ku migenderanire y’abenegihugu, bugafasha kumenya ingene iyo migenderanire izoba imeze muri kazoza bukongera bugafasha kugira iyo migenderanire ntitosekare.
Iterambere ry'ubutunzi niry'imibano ry'uturere tuvurwamwo ubukene gusumba utundi bisaba ko haba ingendo hamwe n'uburyo bwo guhanahana amakuru bituma abenegihugu bashikiriza ico bazi bakongera bagashikiriza ivyifuzo vyabo hanyuma bagahanahana ubuhinga.
Ishirahamwe CDN ryariyumviriye kuvyerekeye guhanahana amakuru mu bikorwa vy'iterambere risanga ikintu gihagaritse umutima ari iki kibazo : « Ni gute abatagira aho bavugira kandi bakiri inyuma mw'iterambere gusumba abandi bokoresha guhanahana amakuru kugira ijwi ryabo ryumvikane ?"
Kubw'ishirahamwe CDN, guhanahana amakuru ni uburyo butandukanye muvyerekeye imibereho ituma imirwi y'abenegihugu itandukanye mu kibano ishobora gushikana ijwi ryayo kure kandi ikagira igihagararo mu kibano.
Mu kurangiza guhanahana amakuru bifatiye kw’ihinduka mu vy'imibano vyatangujwe n'ishirahamwe CDN ni uburyo bw'ikiyago hagati y'abenegihugu bo mu Cibitoke kugira bimenye abo aribo, bamenye ico bashaka n'ingene bokironka. Guhinduka mu vy'imibano ni uguhinduka kw'abenegihugu bagahinduka uko bavyifuje.
Ico gikorwa gifise intumbero yo kuzamura ubuzima bw'abenegihugu biziziwe n'ubukene kandi b'inkengerwa biciye mu kubereka ingene bokwisununura mu buzima kugirango baje ku rugero rumwe n'abandi.
Plus de Nouvelles