Dufashe
Kaze
Ishirahamwe
Imigambi
Urutonde rw’imigambi
Ikigo c’intara kirangurirwamwo imigambi ya CDN
Radio CDN Ijwi rya Cibitoke
Umugambi w’uburimyi i Nyarure
Umugambi wo gutanga intebe mu mashure
Imfashanyo ku banyagihugu
Gufasha abaririmvyi
Inkuru
Amasanamu
Photos
Videos
Duhamagare
Dufashe
INKURU :
INSIGURO Y’AMASANAMU Y’UMURIMA WA CDN I NYARURE
30 gitugutu 2022
Imyaka ibiri iraheze CDN yihaye intumbero yo guterera mu kurandurana n’imizi ikibazo c’inzara mu Burundi. Ishaka ryo gushira mubikorwa ico ciyumviro ryaribonekeje bikwiye, aho abanywanyi batari bake bashize inguvu hamwe mugushigikira ibikorwa vy’uburimyi kuncuro zibiri zose. Ariko kubera imvo zitandukanye, ikirere n’ibindi umwimbu ntiwigeze ushimisha. Naho biruko, ntibacitse inguvu, kuko no kuri iyi
Sizeni (A)
kuncuro igira gatatu CDN iri mur’uyu mugambi, baritabiriye ibikorwa vy’irima ukuri kwamye. Kukaba nkako, itongo ryacu ryose ryarashoboye kurimwa rirateragirwa. Igize kingana na hegitari 3.2 giteragirwamwo ibigiri n’amateke y’amagande. Ikindi gice ca hegitari 1.6 cateragiwemwo amateke nyene n’isoya. Ahangana na hegitari 0.66 ntiharimwe kuko tuhafitiye umugambi wo kuzohororera ibitungwa kugira turonke umwavu twoza turikorako mugutabira umurima.
Ibikorwa nyezina vyatanguye kwigenekerezo rya 15 Ruheshi 2022, kwigenekerezo rya 18 Mukakaro iteragira riba riratanguye. Nkuko vyibonekeza kuri aya masanamu, ibi bigori mubona inyuma yamezi atatu gusa biteye igomwe. Uyu mwaka dufise icizere ko umwimbu uzoba mwiza gusumvya.
Tukaboneraho akaryo ko gutera intege abanywanyi bagikekeranya kwinjira muri uyu mugambi ko bokwiyegereza abandi dushira inguvu hamwe, mugushigikira uyu mugambi ngiraramaro kubanyagihugu.
Plus de Nouvelles
Uburimyi bwifashe gute?
I NYARURE BARI MU MBONO NSHASHA
© Copyright - Ishirahamwe CDN - Cibitoke Diaspora Network - 2022
All rights reserved
Developed by
Communicationreligieuse.com