Dufashe
Kaze
Ishirahamwe
Imigambi
Urutonde rw’imigambi
Partenaires
Ikigo c’intara kirangurirwamwo imigambi ya CDN
Radio CDN Ijwi rya Cibitoke
Umugambi w’uburimyi i Nyarure
Umugambi wo gutanga intebe mu mashure
Imfashanyo ku banyagihugu
Gufasha abaririmvyi
Inkuru
Amasanamu
Photos
Videos
Duhamagare
Dufashe
INKURU :
Ishirahamwe CDN ribona ko inzira y'iterambere ritegerezwa gushingira ku gisata c'uburimyi
25 ndamukiza 2025
Mu gihe abenegihugu benshi baba mu gihugu hagati babayeho mu bukene kandi bakaba ari abirimizi, ico gisata c'uburimyi kirashobora guterera bimwe biboneka mu kugabanya ubwo bukene, mu gutuma amafaranga abenegihugu baronka yiyongera hamwe no kuronka ibifungurwa bikwiye. Ishirahamwe CDN riri mubafatanyabikorwa bakomeye muri ico gisata mu ntara ya Cibitoke.
Mu gushikira ihangiro ry'iterambere hasabwa ko haboneka ibifungurwa (ata gatosi bifise), vyamaho kandi abenegihugu bose bakabironkako atawusigaye inyuma. Ishirahamwe CDN rizokorera cane mw'iterambere ry'uburimyi kugira bishoboke rirandurane n'imizi ubwo bukene ku rwego rwo hejuru, rizokomeza kandi agatima ko gusabikanya itunga ry'intara kubavukantara rizongera rigaburire abenegihugu bo mu ntara ya Cibitoke.
Vyongeye ihangiro ry'uburimyi ni kirumara muvyerekeye imibano, ubutunzi, ibidukikije hamwe nivy'amagara y'abantu.
Igisata c'uburimyi iyo gItunganijwe neza kigatera imbere, ivyo bifasha mu kurwanya inzara bigatuma kandi haboneka ibifungurwa birimwo vyankenerwa umubiri ukenera.
Ishirahamwe CDN muri ico gisata, ririta ku rutare no kw’ibuye kugira riterere iterambere ridakumira kandi riramye ry’abenegihugu bo mu ntara ya cibitoke.
Ugutunganya neza umwimbu nivyo bituma abenegihugu bo mu ntara ya Cbitoke baronka ivyo bafungura kandi umubiri ukenera.
Nico gituma ishirahamwe CDN rifasha abarimyi bo mu Cibitoke gutunganya neza umwimbu hamwe no gukomeza inzira yo kuva mu bukene mu gutanga akarorero keza ko kurima kijambere.
Mu ntumbero y'ihangiro ry'iterambere, ishirahamwe CDN rirakora mu gukomeza ingendo yuko abenegihugu batozera inze ahubwo bokwibako hamwe no gukomeza igisata c’uburimyi.
Mukubishikako ishirahamwe CDN ryahisemwo gufata ingingo yo gukingira ibidukikije, yo kuja mw'iterambere muvy'ubutunzi buvuye mu burimyi hamwe n'iterambere ry'intara yose tutibagiye n’imitumba itegereye imirwa mikuru yo mu ntara.
Nk’uko twabihimirijwe na Nyakubahwa Buramatari w’intara ya Cibitoke, umwe wese mu banywanyi b’iri shirahamwe agerageje guteza imbere umutumba avukako, twosanga antara yacu yose yateye imbere.
Uburimyi bwatangujwe n'ishirahamwe CDN bufise akabirya kuko butuma intara ya Cibitoke iba isharije kubera imirima kandi ikaboneka isukuye. Ico n'ikindi ciza c'ubwo burimyi.
Mu kurangiza igisata c'uburimyi kiraterera mw'iterambere mu kuduza ubutunzi bw’abenegihugu, mukugira abenegihugu baronke ivyo bafungura hamwe no mukugwiza akazi mu gisata c’ibidukikije ; ikaba ari inzira imwe rukumbi y'iterambere.
Plus de Nouvelles
Ibikorwa vyo kwubaka icicaro c'ishirahamwe CDN birabandanya
Ibikorwa vyo kwubaka birabandanya
© Copyright - Ishirahamwe CDN - Cibitoke Diaspora Network - 2022
All rights reserved
Developed by
Communicationreligieuse.com