Ishirahamwe CDN ntaco ridakora kugira rirwize akazi mu gisata c'uburimyi kandi ryongere rikaronse abenegihugu bo mu ntara ya Cibitoke.
Ivyo ishirahamwe CDN ribicisha mu mugambi waryo wihaye ihangiro ryo kurwanya ubukene mu ntara ya Cibitoke, ryo kurwiza ubuzi muri iyo ntara kugira abenegihugu ntibabandanye bahurumbira kuja mu gisagara kurondererayo ingene bobaho, ryo guhinyanyura hamwe no kwiremera ubuzi mu gisata c'uburimyi.
Vyongeye igisata c'uburimyi gifatwa nk'inyishu Ku kibazo c'inzara cama cibonekeza, Ku kibazo c'ubushomeri hamwe no Ku kibazo c'akazi karonka abari kurushi.
Uwo mugambi wifuza kumenya no gukwiragiza uburyo nyabwo hamwe n'inyishu ku bibazo abenegihugu bahura navyo mu gisata c'uburimyi, gushigikira abarimyi kugira baronke uburyo bokwikorako mu bikorwa vyabo vya misi yose vy'uburimyi hamwe no kubakarihiriza ubwenge mu ntumbero yo kurema no guhinyanyura ibiraba akazi hamwe no kubaha akaryo ko kwitunganya mu gisata c'uburimyi.
Mu vy’ukuri, hariho uburyo n’aho butazwi na benshi, bwotuma abenegihugu bo mu ntara ya Cibitoke baronswa akazi.
Ishirahamwe CDN ryabonye bugica ko igisata c'uburimyi corwiza akazi ku benegihugu bo mu ntara ya Cibitoke kuko muri iyi misi ya vuba hariho abatanguye gushiramwo imitahe. Ni igisata kiriko kirashirwamwo uburyo butari buke.
Naho biruko vyose ntivyera de, Ingorane ntizibuze. Ariko, si ingorabahizi.
Ico gisata c'uburimyi kirahura ni intambamyi zimwe zimwe mu ntara ya Cibitoke.Ishirahamwe CDN intambamyi rimaze kubona ni nkizi nuko ahanini ibikorerwa mu gisata c'uburimyi ata mategeko abigenga azwi, uburyo bushirwa muri ico gisata ntiburashika Ku rugero rushimishije, ingorane zifatiye ko abarimyi bitaborohera kuronka ingurane muma banki ndetse no mu mashirahamwe mato mato yo kuguranana hamwe n'ingorane zivuye kw'ihindagurika ry'ibihe zitoroshe no gutorera umuti ariko kandi ico gisata.
Mu kurangiza, igisata c'uburimyi ni akaryo ko kurwiza abuzi butari buke kandi burama, ishirahamwe CDN mu guha abarimyi uburyo bwo gukora rirashobora gutuma ico gisata cerekana ubushobozi bwo kurwanya ubushomeri hamwe no kwongereza ubutunzi aba gihanzwe nuko ata mashirahamwe yo gushumbusha abarimyi ziriho iyo hadutse ivyaduka canke izindi ngorane.
Abanywanyi b'ishirahamwe CDN bose bahuriza ku kintu kimwe nuko ari ntasubirizwa kuronsa akazi abenegihugu bo mu ntara ya Cibitoke.
Ariko rero ivyo bisaba uburyo buva mu mpande zitandukanye kugira inyungu izovamwo ibe nyinshi.Nico gituma ishirahamwe CDN riikora ibishoboka vyose rikadodora ahashoboka hose kugira ryegeranye uburyo bwotuma iyo ntumbero ishikwako.
Mukurangiza igisata c'uburimyi ni akaryo ko kurwiza abuzi butari buke kandi burama, ishirahamwe CDN mu guha abarimyi uburyo bwo gukora rirashobora gutuma ico gisata cerekana ubushobozi bwo kurwanya ubushomeri hamwe no kwongereza ubutunzi.
Plus de Nouvelles