INKURU :
Ishirahamwe CDN rishaka ko uburimyi buba isoko ry'ubutunzi

  11 ruheshi 2025


Ishirahamwe CDN ribona ko guhindura ivyiyumviro n'ingendo ari nkenerwa kugira hatorwe inyishu y'ikibazo c'umwimbu muke w'ibiterwa mbumbarugo cibonekeza mu Burundi.
Naho abantu batari bake bakorera mu gisata c’uburimyi (84%) nkuko tubisanga mu cegeranyo c'umugambi w'igihugu w'uburimyi uva mu mwaka w'ibihumbi bibiri na cumi n'umunani gushika mu mwaka w'ibihumbi bibiri na mirongo ibiri n'indwi wateguwe n'ubushikiranganji bw'ibidukijije, uburimyi n’ubworozi, umwimbu uguma uri Ku rugero ruto.
Ivyo bisigura ko abarimyi batimbura ibikwiye kuburyo abenegihugu biyongera ku murindi munini batagira ikibazo c'ubukene bw’ivy’imburwa. Naho isi ndimwa itaratituka cane, naho kandi ico gisata c'uburimyi cahurumbiwe na benshi, umwimbu uguma udakwiye. Ivyo bigasigura ko abenegihugu b'abarundi haraho batarashika mu guteza imbere ico gisata gihambaye c'uburimyi.
Ishirahamwe CDN ribona ko hageze ko abenegihugu bo mu ntara ya Cibitoke batofata uburimyi nk'igikorwa co kwisahiriza muvy'imibereho canke nk'igikorwa co kwiteza imbere bisanzwe.
Ahubwo uburimyi butegerezwa gufatwa no gutunganywa no gukurikiranwa nk'ishirahamwe rirondera inyungu kuko uburimyi muri kazoza niryo shimikiro ry'iterambere muvy'imibereho no muvy'ubutunzi vy'intara ya Cibitoke vy'umwihariko nivy'igihugu muri rusangi.
Kubw'ishirahamwe CDN, mu gihe kiri imbere nukuzoshiraho uburyo bwo gukoresha ama mashine yo kurima hamwe no kuvomera imirima mu ntara yose ya Cibitoke hamwe no guhimiriza no gufasha abarimyi mu gikorwa cabo.
Ishirahamwe CDN ribona ko hakwiye gutangura kwiyumvira gukoresha ama mashine yo kurima mu gisata c'uburimyi mu ntara ya Cibitoke.Muri iyo ntara naho ata biharuro dufise ikiboneka co nuko kuvomera isi ndimwa biri Ku rugero rwo hasi, abarimyi nabo benshi cane bakaba bagikoresha isuka mu kurima.
Abarimyi bategerezwa gukoresha uburyo nyabwo mu kuduza umwimbu w'ibiterwa.
Vyongeye ishirahamwe CDN ritegerezwa kuba hafi abarimyi mu kubakurikirana no kumenya bibazo bahura navyo.
 
Mu ntara ya Cibitoke, urwaruka rubifashijwemwo n'ishirahamwe CDN rutegerezwa kironswa inyigisho zorufasha gushinga amashirahamwe yunguka mu gisata c'uburimyi, ivyo bigatuma urwo rwaruka rutanga akazi k'urundi rwaruka kandi hakaboneka ivyo kugaburira abenegihugu bose bo mu ntara ya Cibitoke.N'urwaruka rwahejeje amashure, ishirahamwe CDN ntiryarwibagiye kuko narwo ruzoronswa inyigisho zizotuma bahurumbira igisata c'uburimyi kandi bagashinga n'amashirahamwe yunguka. Ishirahamwe CDN rizohimiriza abarimyi gukorera muma koperative no mu kwijukira gushiraho amasoko yo gushoramwo umwimbu mu kibano iyo baba ku mitumba,tutibagiye ko ishirahamwe CDN rizoshiraho ububiko bwo gushinguramwo umwimbu kugira ibiterwa 'ntivyononekareGushigikira abarimyi kuva mw'irima gushika gushora ivyo barimye biri mu migambi y'ishirahamwe CDN.Kubera izo mvo, umugambi w'ishirahamwe CDN mu gisata c'uburimyi uri mu ntumbero nshasha yo guha abirimizi bato bato uburyo bwo gutera imbere muvy'ubutunzi hamwe no mugutuma ihindagurika ry'ibihe ritabasubiza mw'ihumbi mu kubigisha uburyo bwo kurima kuburyo isi ndimwa igumana akanovera.Uwo mugambi w'ishirahamwe CDN ufise ihangiro ryo  kubadugiriza amafaranga bakura mu burimyi mu kubigisha uburyo bwo kurimamwo butagira inkurikizi mbi kw'isi ndimwa.Uyo mugambi uzofasha abarimyi bato bato bo mu ntara ya Cibtoke atawuvuyemwo kugira amafaranga bahora baronka avuye mu burimyi yiyongere.Uyo mugambi uzoba ufise intumbero nyamukuru zibiri : kwigisha abarimyi bato bato uburyo  bwo kurima butuma isi ndimwa igumana akanovera kandi ihindagurika ry'ibihe ntiribatere ibibazo hamwe nuko abarimyi bato bato umwe wese aronka amahera yavuye mu mwimbu baronse ata mwana n4ikinono.
 
Uyo mugambi w'ishirahamwe CDN mu gisata c'uburimyi wiyumviriwe kugira ufashe abarimyi bo mu ntara ya Cibitoke bari bahanzwe n'ingorane y'ihindagurika ry'ibihe ryatuma umwimbu ugabanuka n'amafaranga ava mu burimyi agaca agabanuka mu miryango.Biciye muri uyo mugambi kandi abarimyi bato bato bazoronswa inyigisho zo kurwanya ihindagurika ry'ibihe,bazokwigishwa kandi n'uburyo bwotuma isi ndimwa iguma yimbuka.Kugira ivyo vyose bishoboke, ishirahamwe CDN ryifuza ko abajejwe intwaro bobigiramwo uruhara hamwe nabo birimizi basanzwe nyene bakorana nyene naryo.Ishirahamwe CDN riremeza ko uwo mugambi waryo utazosiga abarimyi bato bato uko wabasanze.Ariko kugira uwo mugambi ugire ico ushitseko nuko nabo birimizi bato bato bogira uruhara ruboneka.Ishirahamwe CDN rirashimika ko abajejwe intwaro nabo birimizi bato bato uwo mugambi batawugize uwabo bizogorana ko urama.

 


Plus de Nouvelles