Dufashe
Kaze
Ishirahamwe
Imigambi
Urutonde rw’imigambi
Ikigo c’intara kirangurirwamwo imigambi ya CDN
Radio CDN Ijwi rya Cibitoke
Umugambi w’uburimyi i Nyarure
Umugambi wo gutanga intebe mu mashure
Imfashanyo ku banyagihugu
Gufasha abaririmvyi
Inkuru
Amasanamu
Photos
Videos
Duhamagare
Dufashe
INKURU :
Ishirahamwe CDN rishira imbere iterambere ridakumira muvyimibano
11 ruhuhuma 2025
Ishirahamwe CDN ntawe risiga inyuma baba abakene canke abatishoboye bo muntara ya Cibitoke mukubegeraniriza hamwe nk'umuryango kugira basezerere ubukene.
Ishirahamwe CDN rifise intumbero yo kuzana iterambere mu benegihugu bo mu Cibitoke rifatiye ku mibereho myiza kumwene gihugu wese mukumuha akaryo ko kwerekana ico nawe ashoboye. Abenegihugu nibabaho neza ni intara izoba iteye intambwe.
Iterambere muvy'imibano risaba kuryihebera kuko risaba uburyo bwinshi bw'amafaranga bushirwa mubenegihugu.
Iterambere muvy'imibano risaba kandi rero gushiraho no gukomeza mubenegihugu umwuka mwiza utuma kuruhande rumwe umwenegihugu wese ahurumbira kugira uruhara mu buzima bwo mukibano no kugira akarusho akuye mw'itunga rusangi rizoboneka kurundi ruhande naho uwo mwuka mwiza ugatuma abenegihugu bo mu cibitoke batera intambwe muvy'imibano no muvy'ubutunzi mu gihe iterambere rya none muvy'ubutunzi ritera rigana aho umwenegihugu wese ariwe soko ry'iterambere kandi akabigiramwo ijambo.
Muvyukuri ishirahamwe CDN ryemeranya n'abemera ko itunga riboneka biciye mu gushigikirana, mu gufanya hamwe no gushira hamwe ubushobozi n'ubumenyi vy'abantu bose harimwo n'abenegihugu basanzwe baba mu ntara ya cibitoke ariko bafise inyota yo gutera imbere kuburyo atabusumbasumbane bunini bubaho, ntikibe icifuzo gusa c'imvukira ziba mu mahanga.
Iterambere muvy'imibano risaba gushiraho imigambi n'ibikorwa bifise ihangiro ryo guteza imbere imibano mubenegihugu ivyo bigaca mu gufatanya ibisata bimwe bimwe kuko nivyo vyotanga akarusho.
Iyo migambi ishobora gufata imero zitandukanye ariko nyamukuru nuko abenegihugu bisununura mu mibereho yabo.Ni muri iyo ntumbero ishirahamwe CDN ryatanguje umugambi wo gushinga iradiyo ifasha umwenegihugu wo mu cibitoke kugira ico ashikiriza kubiraba imibereho yaho aherereye , ishirahamwe CDN ryaratanguje umugambi w'uburimyi uzoterera agacumu kubumwe mu kurwanya inzara .Ubu uwo mugambi ukaba uriko urarangurwa mbere muminsi iri imbere rigiye kwubaka icicaro gikuru caryo aho rizohora ribarizwa ariko imigambi siyo gusa.
Plus de Nouvelles
Kudatanga ifumbire ku gihe ni ikibazo gihanze abarimyi
Uguhanahana amakuru ni umuyoboro w'iterambere
© Copyright - Ishirahamwe CDN - Cibitoke Diaspora Network - 2022
All rights reserved
Developed by
Communicationreligieuse.com