Dufashe
Kaze
Ishirahamwe
Imigambi
Urutonde rw’imigambi
Ikigo c’intara kirangurirwamwo imigambi ya CDN
Radio CDN Ijwi rya Cibitoke
Umugambi w’uburimyi i Nyarure
Umugambi wo gutanga intebe mu mashure
Imfashanyo ku banyagihugu
Gufasha abaririmvyi
Inkuru
Amasanamu
Photos
Videos
Duhamagare
Dufashe
INKURU :
Kudatanga ifumbire ku gihe ni ikibazo gihanze abarimyi
17 ntwarante 2025
Mu gihugu c’Uburundi, mu ntara zose, abarimyi ntibatinya kudoma urutoki ku mvo zituma baronka umwimbu udashemeye bavuga ko aruko babaronsa ifumbire igihe carenze.
Abarimyi baridoga kubona ifumbire batigera bayironkera kugihe iyo hageze gusohora isuka. Ivyo bigatuma baca baja kugurira iyo fumbire Ku bodandaza ku giciro kibavuna kuko bayironka ibazimvye cane naho ari uko kuronka iyikenewe kandi ikwiye ni ingorabahizi.
Abarimyi baramenyesha ko abadandaza bobo batigera babura iyo fumbire. Umufuko w'iyo fumbire ugurwa mu bisanzwe amafaranga angana ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu (26000f), abadandaza baca bawugurisha amafaranga ava ku bihumbi mirongo ine na bitanu (45000f) gushika ku bihumbi mirongo itanu (50000f) ndetse arashobora gushika no Ku bihumbi mirongo itandatu (60000f), iyo fumbire igurwa uko niyo mu bwoko bwa Totahara.
Ababijejwe batumako iyo fumbire batevye. Mu ntara ya Cibitoke, ishirahamwe CDN rirakora uko rishoboye kugirango ifumbire iboneke ku gihe kugira ntibarimire uruhombo.
Kutaronka ifumbire ku gihe biratuma abarimyi bagira uruhombo naho batovuga ingene rungana kuko bigoye kurupima
Vyongeye ifumbire hamwe n’ishwagara bakoresha mu mirima ihingurirwa mw'ihinguriro FOMI bishikira abarimyi bitevye gutryo bikabatera uruhombo. Abarimyi ntibaronka ifumbire yo gukoresha nkuko baba babitegekanije mu migambi yabo y’uburimyi. Ikindi co kumenya nuko uko babura ifumbire niko umwimbu ugabanuka.
Ikibabaza gusumba abarimyi nuko bataronkera ku gihe ifumbire kandi baba batanze amafaranga imbere y'igihe.
Ariko naho biri uko, ishirahamwe CDN riragerageza kuvyifatamwo neza naho bitoroshe :mu ndimiro yaryo y'ibigori, isoja n'ibiharage kuko ryarahinyanyuye mu kuza riragura ifumbire izokenerwa mu gatasi no ku mpeshi hamwe no mu bindi biringo vyo kurima ivyo bigatuma ryamana ifumbire.
Ni muri iyo ntumbero ishirahamwe CDN rikora ibishoboka vyose kugira ryamane ifumbire Ku gihe. Kubera iyo ngigo ishirahamwe CDN ryafashe abarimyi bafashwa n'iryo shirahamwe baronka umwimbu ushimisha.
Ico kibazo c'ifumbire cabaye akayoberabahinga ntikizeye gutorerwa inyishu ubu vuba bwango nkuko ihinguriro FOMI ribimenyesha mu kwemera ko ububasha bwaryo bwo guhingura ifumbire burengerwa n'abayirondera naho hariho abatari bake bikunda bakayironka.
Iryo hinguriro riremeza ko ata nyishu ya vuba y'ico kibazo iriho Kuko umuntu atanga ico afise.
Plus de Nouvelles
CDN YAMA IRONDERA BISHASHA : BURI IGIHE IVYIYUMVIRO...
ICICARO GIKURU MU MEZI MAKE
© Copyright - Ishirahamwe CDN - Cibitoke Diaspora Network - 2022
All rights reserved
Developed by
Communicationreligieuse.com