Uburimyi burama bw'ishirahamwe CDN bufatanya kuronka umwimbu w'ibifungurwa, gukingira ibidukikije hamwe nuko abenegihugu bokwiteza imbere muvy'imibano no muvy'ubutunzi.
Ingingo ngenderwako z'ubwo burimyi zirashimikira cane kugukingira itunga kama (isi ndimwa, amazi hamwe n'ibinyabuzima), zirashimikira kandi kukugabanya ikoreshwa ry' ifumbire ikozwe mu bintu vyohungabanya ibidukikije, zikongera zigashimikira kugushira imbere gutunganiriza abenegihugu bose ata mwana n'ikinono ndetse zigashimikira ku kuntu abarimyi batosubira guterwa ibibazo n'inkurikizi z'ihindagurika ry'ibihe. Uturusho tw'ubwo burimyi ni twinshi nko guha abarimyi uburyo bwo guhangana n'ihindagurika ry'ibihe, nko kwimbura ivyimburwa vy'akanovera, nko gutuma abenegihugu babona ko ejo ari heza kuko babona ko bariko barisununura muvy'ubutunzi hamwe rero nko guterera agacumu k'ubumwe mu kurwanya ikiza c'inzara.
Indangurakintu.
Ishirahamwe CDN ryahisemwo gutanguza uburimyi burama kuko ariyo nzira irashe yo kuronsa imfungurwa abenegihugu ubu no muri kazoza.
Ubwo burimyi bwubakiye Ku nkingi zitatu zitandukanye :
. Inkingi ishingiye gukingira ibidukikije : Isi ndimwa n'ibinyabuzima birakingirwa, kwongereza akanovera k'isi ndimwa, kwongereza akanovera k'amazi akoreshwa n'abenegihu hamwe no kurwanya ibicafuza ikirere kugira akanovera k'impwemu zikenerwa n'ibiterwa zigume ari nziza.
. Inkingi ishingiye kuvy’ubutunzi : kuronka akunguko ku vyimburwa hatibagiwe kuronsa ubuzi abataco bakora gutyo bakaronka uburyo bw'amafaranga bushimishije.
. Inkingi ishingiye muvy’imibano : gushiriraho abenegihugu uburyo bwo gukora, kuronsa abenegihugu ibifungurwa bikwiye no kubaronsa imibereho myiza.
Ingingo ngenderwako.
. Gukingira itunga kama : gutunganya neza ivyerekeye amazi, ivyerekeye isi ndimwa hamwe no gutunganya neza impwemu abantu bakenera n'ukuvuga kureka kuzicafuza.
. Kugabanya gukoresha ifumbire : Kugabanya bimwe biboneka gukoresha ifumbire ihingurirwa mu mahinguriro mu kuyisubiriza uburyo kama hageze gutabira imirima .
. Gukingira ibinyabuzima : gukuranya ibiterwa bitandukanye n'utunyabuzima mu matongo ndimwa.
. Ubutunzi bugaruka k'ubenegihugu : kwikora kw'itunga kama ku rugero rwo hejuru hamwe no Kugabanya imicafu iva mu gisata c'uburimyi.
. Kudahungabanywa n'inkurikizi z'ihindagurika ry'ibihe hamwe n'ingene abarimyi bomenya kwifata : gutuma igisata c'uburimyi kidasinzikazwa n'ihindargurika ry'ibihe hamwe no kudasinzikazwa n'ihungabana ryibonekeza rimwe na rimwe mu gisata c'ubutunzi.
. Uruhara kw'abenegihugu hamwe no kubatunganiriza ata nkunzi muvy’imibano : kubashiriraho uburyo bwo gukora banonokewe hamwe nuko bose baronka Ku vyamwa vy'itunga kama yabo hamwe nuko abenegihugu bose bavyungukiramwo.
Uburusho buva muri ubwo burimyi.
. Kudahagarikwa umutima n'inkurikizi z'ihindagurika ry’ibihe: ibiza n'isibe ntibishobora guhungabanya abarimyi.
. Kwongera akanovera k’ivy’imburwa: iryambere ata gatosi bafise kandi birimwo vyankenerwa vyose umubiri ukenera.
. Gukomeza igisata c’ubutunzi: gutegekanya kugabanya uburyo buja kugura ifumbire yakorewe mu mahinguriro ku benegihugu no kubafasha kurwiza inzira zo kuronka amafaranga.
. Gukingira ibidukikije: kwongereza akanovera k'isi ndimwa, akanovera k'amazi hamwe no kwongerereza akanovera impwemu zikenerwa hamwe no kudahonya ibinyabuzima.
. Guhangana n'ikibazo c’inzara: kwimbura vyinshi kandi vy'akanovera Ku benegihugu bariho ubu n'abazoza hanyuma.
Muri make uburimyi burama bwashizwe imbere n'ishirahamwe CDN bukoraniriza hamwe ivy'ubutunzi, gukingira ibidukikije hamwe n'imibereho y'abenegihugu ni intererano y’aba diaspora mu ntumbero yo gutegekaniriza kazoza mu bibazo vy'ikena ry'ibifungurwa.
Plus de Nouvelles