INKURU :
Uguhanahana amakuru ni umuyoboro w'iterambere

  7 ntwarante 2025



Ishirahamwe CDN ryabonye ko ari ngombwa kwisunga guhanahana amakuru "kugira abenegihugu bagire uruhara kuko ari ikintu kiraje ishinga bose" nkuko ishirahamwe mpuzamakungu rishinzwe iterambere kw'isi PNUD ribishikiriza mu cegeranyo caryo co mu gihumbi kimwe amajana icenda na mirongo icenda na gatatu kuvyerekeye iterambere rya kiremwa muntu.Aha hokongerwako "no guhanahana amakuru ni ntangere kugira abenegihugu bagire uruhara"
Imigambi y'iterambere izotanga umusaruro igihe abenegihugu bo ntara ya Cibitoke basabikanije ubumenyi n'ubuhinga niyo kandi abenegihugu bafise ishaka ryogushika kw'ihangiro bihaye. Mu gihe abenegihugu batazoba barafata mu minwe ibiraba iterambere ryabo nta mfashanyo nimwe nta buhinga na bumwe canke ico cose cozana umwimbu coshobora ubwaco conyene kuzana akarusho mu mibereho y'abenegihugu.
Uguhanahana amakuru nivyo vyoba inyishu y'ico kibazo. Ishirahamwe CDN ribicishije kw'iradiyo ryashinze, mu kiyago rigirana n'abenegihugu bo mu ntara ya Cibitoke baravugana ku migambi babona ibereye iwabo kandi ifatiye ku bumenyi bafise hanyuma hagakurikira kuyitegura. Bizoca mu guhanahana amakuru kugira abenegihugu babe vyukuri bene iyo migambi y'iterambere kandi ishike kw'ihangiro.



Gushira imbere guhanahana amakuru bituma abenegihugu bo mu Cibitoke bashikiriza ingorane zibahanze uko zisumbasumbana no kuzironderera inyishu rusangi kandi bigatuma biyumvamwo ivyo bikorwa ko ari ivyabo.
Vyongeye iterambere risaba guhindura vyinshi muvyerekeye ubutunzi no mu mibereho.
Abenegihugu bo mu Cibitoke bomenya neza atakwihenda ko boshobora gushitsa imigambi mishasha ? Barafise ubumenyi bugezweho bukenerwa muri iyo migambi ? Intambamyi yo kutamenya gusoma no kwandika kugira ntitere ikibazo vyogenda gute ?
Ivyo nibibazo iradiyo isamiranira mu Cibitoke yashinzwe n'ishirahamwe CDN yotangira inyishu kuko irasamiriza ivyiyumviro hamwe n'uburyo bushasha, iyo radiyo igatuma abenegihugu babishira mu ngiro bigatuma ubumenyi n'ubuhinga biba ngirakamaro. Guhanahana amakuru ni ngirakamaro mu guhimiriza abenegihugu kugira bahindishe ikibiri bigatuma imigambi y'iterambere igenda neza.Guhanahana amakuru bituma ushigikirwa n'inzego z'igihugu ukaronka n'abagufasha mukuguha uburyo.
Ubu guhanahana amakuru nivyo bigezweho kandi akamaro kavyo kw'iterambere karahaye kibonekeza. Ishirahamwe CDN niryo ryabaye iryambere mu ntara ya Cibitoke mu gukoresha guhanahana amakuru mw'itegurwa no mw'irangurwa ry' imigambi kandi biratanguye kwibonekeza ko bifitiye inyungu abenegihugu.


Plus de Nouvelles