INKURU :
Uko iterambere ry’intara risahirizwa n’imigambi rusangi y'ishirahamwe CDN

  17 mukakaro 2025


Tugomba kwerekana akamaro k'imigambi rusangi y'ishirahamwe CDN mw'iterambere ry'intara ya Cibitoke ndetse no mu ntara yagutse ya Bujumbura.
Iyo migambi ni ngirakamaro cane mu guteza imbere imibereho y'abenegihugu bo mu ntara no mu micungararo hamwe ndetse n’izamuka ry'ubutunzi muri iyo ntara nshasha yagutse. Birabereye ko tugira umwihwezo wimbitse kw'isano riri hagati y'imigambi rusangi y'ishirahamwe CDN n'iterambere ry'intara iranguriramwo imigambi muvyerekeye imibano, ubutunzi hamwe no gukingira ibidukikije Turaza kwihweza impande zitandukanye ziryo sano twongere twerekane akunguko k'iyo migambi k'ubenegihugu hamwe n'iterambere ryabo.
Imigambi rusangi y'ishirahamwe CDN ifise ikibanza kidasanzwe mu gukomeza umubano mwiza biciye ku gukorera hamwe no gufashanya kw’abenegihugu, mu guhimiriza abenegihugu kugira ijambo mw'iterambere ryabo biciye kuri iyo migambi bikomereza ubumwe abenegihugu bakiyumva koko ko basangiye intara.
Vyongeye, imigambi rusangi y'ishirahamwe CDN ituma abenegihugu bibako ntibakenere imfashanyo z'abagiraneza ivyo bikabatuma biteza imbere. Abenegihugu kubona bahabwa ijambo mw'itunganywa no mw'ishirwa mu ngiro ry'imigambi y'ishirahamwe CDN bituma abenegihugu batazera inze kandi bakayigira iyabo.
Mu kurangiza imigambi rusangi y'ishirahamwe CDN iraterera agacumu kubumwe mw'izamurwa ry'ubutunzi bw’intara mu kurema ubuzi ku bantu batagafise.
Guryo iterambere ry’intara rikaba rishigikiwe n'imigambi rusangi y'ishirahamwe CDN.
Guhindishiriza hamwe ikibiri hamwe no gufashanya bikaba arivyo nkingi iyo migambi yubakiyiko biratuma abantu bunga ubumwe
Ko abenegihugu bibako atawe barinze gutega amashi, iryo ni ihangiro ry'iterambere ryiyo ntara. Aha rero niho ishirahamwe rishira inguvu kugira ritange intererano iboneka muri urwo rugamba.
Iyo migambi iraha abenegihugu akaryo ko gufata mu minwe kazoza kabo mu kubongerereza ubushobozi, mu kubaremamwo icizere cuko nabo bashoboye hamwe no kubahimiriza ngo bareke kwigira sindabibazwa mu biraba iterambere ryabo.
Mu guhimiriza abenegihugu ko bokwibako ntibasubire kuzera inze, iyo migambi y'ishirahamwe CDN ifise uruhara runini mw'iterambere ry'intara ikongera kandi igahindura uko abenegihugu babayeho.
Si agaseseshwarumuri uruhara rw'imigambi rusangi y'ishirahamwe CDN mu butunzi bw'intara ni ntangere kuko iratanga akazi, igatera intege ibikorwa vy ‘abenegihugu. 
Mu guhimiriza abenegihugu ngo batange intererano yabo, iyo migambi irakomeza ubutunzi mu gushigikira ibikorwa vy ‘abenegihugu.
Vyongeye, iyo migambi iratuma abenegihugu baronka aho bagurishiriza umwimbu wabo badatamye ngo baje kure.
Imigambi y'iterambere rirama y'ishirahamwe CDN ifise intumbero yuko abenegihugu bagira ubuzima bwiza hatibagiwe no gukingira ibidukikije. Ivyo bigashoboka kubera indinganizo irama y'igisata c'uburimyi hamwe no gutunganya neza isi ndimwa. Mu gufata iyambere mu kurwanya inzara hamwe no mu gutanga ubuzi bwamaho, iyo migambi y'ishirahamwe CDN ifise uruhara rudasanzwe mu kuba iremezo ry'ubutunzi hamwe niryo gukingira ibidukikije. Bisubiye iyo migambi ituma abenegihugu bumva ko bagize umuryango umwe w'imvukira igafasha kandi gutuma abenegihugu bigaba bakigaburira mu kubaha ijambo mw'ifatwa ry'ingingo zerekeye iterambere ryabo.
Muri make, imigambi rusangi y'ishirahamwe CDN ifise uruhara runini mw'iterambere ry'intara mu guterera agacumu kubumwe mu gukomeza umubano mwiza mu benegihugu, mu gutuma abenegihugu bibako bigashoboka ni mu kuduza ubutunzi bw’intara. Akamaro k'iyo migambi kabonekera ku kuntu ishobora guhuriza hamwe abenegihugu bakagira intumbero imwe, igatuma kandi abenegihugu bose bagira iteka atawusigaye inyuma.


Plus de Nouvelles