INKURU :
Uruhara rw'iradiyo y'abenegihugu yatangujwe n'ishirahamwe CDN mu kurwanya inkurikizi ry''ihindagurika ry'ibihe

  20 myandagaro 2025



Mu Burundi, mu gihe ihindagurika ry'ibihe ribandanya guhungabanya ibikorwa vy'uburimyi bikanatuma haboneka umwimbu muke ku benegihugu, iryo ihindagurika ry'ibihe ni kimwe mu bibazo bituma hibonekeza inzara, rikanabangamira ibidukikije, rigatuma uburyo bwo kubaho bw'abenegihugu bugabanuka cane, rigahungabanya n'ubutunzi bw'abenegihugu.

Abasinzikazwa cane gusumba abandi niryo hindagurika ry'ibihe ni abarimyi, ni nabo bakenera amakuru nyayo mu gihe nyaco kugira birinde inkurikizi z'iryo hindagurika ry'ibihe.

Mu gutorera inyishu ico kibazo ishirahamwe CDN ryarashizeho iradiyo y'abenegihugu ihimiriza abenegihugu bo mu Cibitoke ndetse no mu ntara yagutse ya Bujumbura mu kubungabunga ibidukikije.

Iyo radiyo yatanguye ifise igikorwa co guhanahana no gutanga amakuru ariko magingo aya yafashe iyambere mw'iterambere.
Abatanga ibiganiro muri iyo radiyo bavuga ivyo bazi kuko ari imvukira zo mu Cibitoke.

Iyo radiyo irakurikiranira hafi cane Ku musi Ku musi ingengabihe y’ikirere (kugabisha kuvyerekeye ibihuhusi, imvura y'isegenya canke ivyerekeye ubushuhe burenze), iyo radiyo ica itanga ayo makuru Ku benegihugu bo mu cibitoke nabo bikaborohera kwisuganya kugira ntibibubire.

Iyo radiyo ni umuhora wo guhanahana no gushikiriza amakuru ufitiye akamaro kanini abenegihugu bo mu cibitoke.

Iyo radiyo ituma abarimyi bo mu Cibitoke baronka amakuru yihuse kandi yizewe yerekeye ingene ikirere kizoba kimeze kugira bibafashe kudaterwa ingorane n'ihindagurika ry'ibihe.



Abenegihugu bo mu Cibitoke kubwo amakuru baronka biciye kuri iyo radiyo, inkurikizi z'ihindagurika ry'ibihe ntizibasinzikaza.

Uko abenegihugu baronka amakuru yerekeye ihindagurika ry'ibihe niko baronka uburyo bwokwirinda inkurikizi zaryo.

Mu ntara ya Cibitoke aho Iyo radiyo isamiranira, abenegihugu bari barahababuwe n'inkurikizi z'ihindagurika ry'ibihe vyongeye baronka amakuru make cane mbere ni nkuko atanayo baronka yari kubatuma birinda izo nkurikizi.

Mu bihe nk’ivyo, iradiyo y'abenegihugu yatangujwe n'ishirahamwe CDN niyo yaje gufasha abenegihugu mu Ku baha amakuru no mu gushikiriza ingendo ibereye Ku rwego rw'intara ya Cibitoke.

Iyo radiyo ikaba yifashisha abakozi b'imvukira bafise ubumenyi bukwiye Ku vyerekeye intara.

Benshi mu batware bo hasi canke abakurambere ni abitangirabushake kuri iyo radiyo, bagatanga ibiganiro bigenewe abarimyi.

Iradiyo ikukira ishirahamwe CDN irafise uburyo bukenewe kugira itange amakuru yo kuburira abenegihugu kubiraba ihindagurika ry'ama sizeni nayo kurwiza imirwi y'abarimyi ihabwa amakuru yerekeye ikirere.

Vyongeye, iyo radiyo irashikiriza intahe y'abarimyi bafashijwe n'amakuru yaciye kuri iyo radiyo bikagenda neza.

Abenegihugu bo mu Cibitoke no mu ntara yagutse ya Bujumbura baca babona ko bishoboka kuko baronka uturorero twabo vyakunze bakitunganya bivuye Ku makuru yatanzwe niyo radiyo.

Uko ihindagurika ry'ibihe rifata umurindi munini niko no kugira inambu yo kuronka amakuru yizewe yo kurirwanya yiyongera.

Ikizuba, imyuzure hamwe n'imiyaga yibihuhusi ni intambamyi zikomeye cane kuvyerekeye kuronka umwimbu ukwiye no kubaho kw'abenegihugu.

Abenegihugu bataronse amakuru y'ukuri ngo bongere baburirwe hakiri kare nta nkeka baba babangamiwe n'inkurikizi z'ihindagurika ry’ibihe. Iradiyo y'abenegihugu yatangujwe n'ishirahamwe CDN ifise uruhara ntangere mu guhanahana amakuru yerekeye ikirere mu ntara ya Cibitoke.

Gufasha abakenyezi n'urwaruka kwibako biciye mu kinyamakuru citwa iradiyo ni nkenerwa. Iyo radiyo ni urubuga abakenyezi baronkeramwo amakuru bakeneye kandi bokengera bakahashikiririza iriri Ku mutima.

Mu kurangiza biraboneka neza ko uruhara rw'iradiyo mu gutanga amakuru y'ingene ikirere cifashe no mu kurwanya inkurikizi z'ihindagurika ry'ibihe ni runini cane.

Kubera ivyo ishirahamwe CDN ribandanya rishira imbere uburyo bwo guhanahana amakuru bigirira akamaro bose atawibagiwe, rikaguma kandi ricungera ko iradiyo buguma ari uburyo bwo bwizewe bukoreshwa mu guhagurukira kurwanya inkurikizi z'ihindagurika ry'ibihe.

Kubiraba ibice biri kure y'umurwa mukuru w'intara , iradiyo si uburyo bwo guhanahana amakuru gusa ahubwo ikora igikorwa co gutabara nico guhindura ibintu.

 


Plus de Nouvelles